Burunga
Burunga, the News that reflect the truth. contact: +25768020708
16/09/2026
busaba kutirukana abarundi batobato badandarizayo, kandi naha iwabo abapolisi birirwa barabisanzaza.................................................
Amashirahamwe 4, ALUCHOTO, OLUCOM, ABUCO na ONLCT yavuze ko bitangaje kubona Reta y'uburundi isaba Kenya ngo ireke gutoteza abadandaza babarundi batembereza ibintu, ariko ugasanga n'aha iwabo birirwa barabirukako, kugeza naho ivyabo babisesa mw'ibarabara.
Aya mashirahamwe akibaza hamwe botahuka, bakaza gukorera ngaha mugihugu c'amavukiro, hoho ko batohura n'amabi bariko bakorerwa muri Kenya.
Mwibuke ko aba barundi bagirijwe ko babayo bidakurikije amategeho, batagira impapuro, mugihe ngaha muburundi bitoroshe kuronka urupapuro rw'inzira.
Aya mashiramwe asanga ingorane itari muri Kenya, ahubwo iri hano muburundi.
Aho gusaba Kenya ngo yubahirize abarundi, basaba ko uburundi bwonyene bwobanza bukubahiriza abanyagihugu babwo.
Vianney Ndayisaba umuhuzabikorwa wishirahamwe ALUCHOTO, we atangazwa n'ingene abakuru b'ibi bihugu iyo bahuye barwana munda, batwenga.
Kurivyo akabona ko ata ndagukunda nkakwankira umwana. Kurya bahuye bayaga neza, nibabishire mungiro, n'abanyagihugu bareke kurabana ayingwe.
Atanga akarorero kubarundi bapfungiwe muri Tanzaniya, bahunze bava muri Kenya, kandi Perezida wa Tanzaniya Samia Suruhu na Evariste Ndagishiye iyo bahuye usanga bagwana munda, batwenga, baganira neza.
Ndayisaba agasaba ko, nimba amasezerano yasinywe muri EAC, UA n'ayandi batoyubahiriza, aya mashirahamwe ngo napfume afutwa, aveho kuko ntaco amariye abanyagihugu. Ati naho umuntu atoba afise ibimuranga, inyishu sukumwica, n'ukumurungika mugihugu ciwe.
Aha, ni mugihe bari baramutse bandikira urwandoko umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye uyu musi aramutswa ubumwe bwa Afurika gushira umurwi utohoza kumabi yashiniye abarundi bandandariza muri Kenya, no kwubahiriza ukwishira no kwizana mukarere.
Ni inyuma yaho abarundi baba muri Kenya bahohotewe, harimwo n'abishwe.
11/09/2026
Iyo uteguye umugambi, sivyiza kutwiyumvirira! Dushiremwo twivugire niho n'iterambere rirama...............................................
"Inda woyibwira uwayirayeko niwe azi ububabare bwayo". Bivugwa na Adelaïde Nyigina umuhuzabikorwa w'ishirahamwe ry'abapfasoni bagendana ubumuga
Yabishikirije inyuma yaho hari hahejeje kuba ikiyago hagati y'abapfaso bagendana ubumuga bo mubihugu vya , n' .
Uyu muhuzabikorwa kurwego rw'igihugu, amenyesha ko iyo bagiye kwiga imigambi, yotez'imbere umukenyezi agendana ubumuga batayishiramwo neza.
Abona kandi ko mugihe reta igifatira abagore mukivunga mugutegura imigambi, abagore bagendana ubumuga ataco bizobungura.
Gufatira abapfasoni mukivunga bituma abagendana ubumuga baca bibagirwa.
Ati ibikorwa vy'iterambere bijamwo benshi hanyuma abagendana ubumuga bagaca bakumirwa. Iyo babibutse naho ngo babahamagara gushira mungiro imigambi batazi ingene yizwe, n'iyo yigiwe. Nyigina ati, ntushobora gukorana umugambi n'umuntu mutawuteguranye.
Agasaba Reta n'abandi bagiraneza gufata ingingo iraba abagendana ubumuga bayumvikanyeko, kandi no igafatwa hubahirijwe ivyipfuzo vy'abagendana ubumuga, kuko n'ibo bazi ivyo bakeneye kandi vyobatez'imbere.
Cari ikiyago categuwe n'umufasha wabapfaso bagendana ubumuga "Humanité Inclusive" bo mubihugu twavuze aho hejuru.
07/09/2026
Ijambo ryashikirijwe na Perezida wa ku banyamahanga bahakorera ribiba urwanko n'amacakubiri mukarere................................................
Inyuma yaho umukuru w'igihugu ca Kenya William Ruto atangiye itegeko ry'uko atamunyamahanga yosubira gukora imirimo ibayabaye mur'ico gihugu, ishirahamwe rirwanya ubushomeri n'ihohoterwa rya kiremwa muntu ALUCHOTO, ryatangaje ko iri jambo ribirwa urwanko inzigo n'amacakubiri mu muryango wa Afurika y'ubuseruko Kanya isanzwe irimwo.
Vianney Ndayisaba umuhuzabikorwa wiri shirahamwe ariyamiriza yivuy'inyuma iyi mvugo y'indongozi, yatumye abantu benshi cane cane abarundi bari bagiye kwiyungunganya muri Kenya, bamwe bicwa, abandi barasahurwa ivyabo, abandi bicwa rubizo, bakorerwa n'ayandi mabi atandukanye.
Ibi bikaba vyabaye inyuma y'umwanya muto William Ruto asohoye iri tangaazo.
ALUCHOTO igasaba ko uyu mukuru w'igihugu yohindura iyi mvugo kuko iciye kubiri n'amasezerano mpuzamakungu n'ayo mukarere agenga abimukira. Amwibutsa ko ariko aca kubiri n'amasezerano agenga umuryango wa EAC aha uburenganzira abantu kwidegemvya mubihugu bigize uyu muryango.
Asaba kandi amasentare mpuzamakungu gutohoza ivyaha n'amabi ariko arakorwa n'abanya Kenya, uyu musi bariko bahohotera agateka ka muntu bivuye kur'iyi mvugo, babasahura ivyabo, maze uwagirwa n'icaha akurikiranwe n'ubutungane, uhereye kuri Perezida wa Kenya William Ruto.
Amakuru ataho yegamiye ariko ava muri Kenya, amenyesha ko abarundi aribo babangamiwe cane n'iri jambo rya Ruto, aho aya makuru nyene atubwira ko Abarundi barenga 73 boba aribo bamaze kwicwa, bamwe baciwe amazosi, abandi bakicwa babanje kunyarwa utwo badandaza.
Hari n'abo basanga mumihana yabo, abandi bakabasanga iyo banyegejwe n'aba Kenya badashigikiye uyo mugambi.
01/09/2026
: Inyuma yaho isoko nkuru ya ihiriye, hamaze gusha izindi 7, ariko amatohoza ntaco arashikako.....................................................
Musenyeri Martin Blaise Nyaboho arongoye umurwi CNIDH, avuga ko bibabje kubona, kuva isoko nkuru ya Bujumbura ihiye muri 2023, hamaze gusha ayandi masoko n'ibibanza vy'idandarizo 7, ariko amatohoza n'ubu akaba ataco arashira ahabona, kubijanye n'igituma asha, canke abayatirira.
Nyaboho asaba amabanki yahaye ingurane abadandaza bahaburiye ibidandazwa vyabo guheba canke kugabanya inyungu yorishwe n'aba badandaza kuva aho ahiriye.
Asaba kandi ko amabanki yokwiga ingene azamura abadandaza bahishije ivyabo kugira basubire gukora neza.
Amashirahamwe y'ubwishingizi nayo, ayasaba kwihutira kuriha abadandaza bari bafitaniye amasezerano.
Reta nayo ayisaba guha ibikoresho bikwiye kandi bigezweho mukuzimya umuriro igisata c'igipolisi kijejwe gukinga impanuka.
30/08/2026
: Bimwe mubimenyetso vyerekana ko hagomba kuba ubwicanyi 1988.................................................
Ibimenyetso vyerekana ko ubwicanyi bwashaka kuba muri Ntega na Marangara umwaka w'1988, imirwi 6 y'ababibonye yari yashinzwe n'umurwi CVR yahurije kuri ibi bikurikira:
1. Intonde z'abakozi ba Leta zifatiye ku moko zarakozwe imbere yuko buba;
2. Indome U na I zakoreshwa mumashure mugukora ibibazo ku banyeshure. "U" yasigura Umuhutu, nayo "i" igasigura Umututsi;
3. Harakorwa amarondo mw'ibanga yakorwa n'abahutu muntwaro batabizi;
4. Haratozwa intererano mw'ibanga muntwaro batabizi;
5. Harakorwa Patrouilles zakorwa n'abasirikare barikumwe naba musitanteri na bamwe mubatutsi;
6. Umudandaza Reverien Harushingoro wo muri Ntega yabwira abahutu ko afise inkoho kandi azobarasa;
7. Musitanteri wa Marangara Majambere Emmanuel mumana, yabwira abahutu ko iyo bava bakagera badahona, ari nk'urwiri urima ntiruhere;
8. Hasigaye indwi 1 ngo ubwicanyi bube, hari umusirikare muri Ntega yatemaguwe n'abahutu, ariko ntiyapfa, umusirikare wundi nawe, arasa umuhutu aca arapfa;
9. Harabaye inyandiko zitagira imikono zatorwa zivuga ko abahutu bazica abatutsi mukubihora ubwicanyi babakoreye 1972;
10. Harabayeho uturwiturwi tw'abantu, ugasanga batanguye kwinubana, ntibakigenderanira;
11. Harabayeho inyigisho kubahutu mumpisho, ubwicanyi butanguye, haravugijw'ingoma n'inzamba, bavuga bati:"yanda iravuka, vyumvikana ko bari bafise aho babikuye."
12. Harahindutse kandi amsaha yo gutaha, "Couvre fait", abahora bataha bwije, bataha kare.
Mugusozera ibikorwa, uwurongoye umurwi CVR, Pierre Claver Ndayicariye, yasavye abavyeyi gusubira gutsimbataza indero y'urwaruka, cane cane bigisha amahoro no gukingira agateka ka muntu, mbere ntibatinye kubabwira ukuti kuri kahise bivanye n'imyaka umwana afise. Ngo bizotuma umwana akurira inzira yukuri n'amahoro
28/08/2026
: Patiri ati: "Umuti w'amacakubiri ni guhuriza abashamiranye kubikorwa bibatez'imbere bose"............................................
Patiri Ntahomvukiye Appolinaire, ubu arongoye paruwase Gicumbi iri muri Marangara inyuma yo kwerekana ingene ubwicanyi bwa Ntega na Marangara bwagenze, igihe nawe yari Faratiri kuri paruwase Murehe, asanga ubwicanyi bwari ubw''abahutu n'abatutsi.
Abarundi bose ngo barabuze, kandi ubu bakeneye amahoro.
Ariko yerekana ko abishe bose atanumwe vyereye, kuko bose ubu ngo barakenye, bakeneye gufashwa, kwubakirwa amazu, kandi ubu bashobora kubana neza.
Atanga akarorero k'abatutsi bahungiye muri site, ubu baduga mumitumba kurima, bagataha ataco babaye, n'abasigaye mumisozi baja gutembera muri site ntihagire uwubarya urwara.
Asanga ikizokiza abantu kwicana, ari kurengera ubwoko, bagashira hamwe kuko bapfuye bose. Ntahomvukiye agasaba CVR kutarondera ukuri gusa, ahubwo urondera n'umuti.
Kuriwe ngo uwo muti wobasubize hamwe n'uko umurwi CVR worondera ukuri wongera urondera n'ingene abarundi banywana mukubagutegura ibikorwa vy'iterambere bohurirako bose kandi kandi bibatez'imbere bose.
Yongerako ko abantu iyo bahuriye k'ubuzi usanga bumvikana, ariko abirirwa bicaye, bakenye ngo nibo usanga umutsi waranze, bapfa ubusa kandi boroshe gukwegera mubintazi.
28/08/2026
: "Twanyegejwe n'Abahutu, ariko icatubabaje, n'abasoda baje gutabara baciye bajaniranya"...............................................
Umupfasoni Yamuremye Leocadie avuka Ku Ntega, umutumba Kanyagu avuga ko ubwicanyi bwabaye 1988 muri Ntega na Marangara bwahitanye amoko yose.
Uyu mukenyezi yaburiye se wiwe muri buriya bwicanyi yemeza ko abasirikare baje gutabara batavyifashemwo neza, kuko kubwiwe ngo umutabazi mwiza aja hagati, ntaho ahengamira, ariko bo baciye birara mubahutu bararigita, kandi harimwo abatari murivyo, mbere harimwo n'abanyegeje abo badasangiye ubwoko.
Atanga akarorero k'umutama yamunyegeje musi y'igitanda n'abo bavukana, aho babasanzeyo babacumita amacumu aho binyegeje musi y'igitanga, ariko Imana irakinga ntiyabafata, uyu mutama nawe ngo arinumira, akaza arabahindurira aho binyegeza kumusi kumusi kuko baguma baza kubahiga.
Icababaje Yamuremye ngo nuko abasirikare baciye baza bavuga ko baje gutabara baca bajaniranya. nabataco bazi.
Kuvyerekeye impapuro zitagira imikono (Tracts) bitwaza, ngo ntizoba urwitwazo kuko zatanguye kuvugwa ariho bari, ariko ntanakimwe bakoze kugira babiburizemwo.
Agashimira uyu mutama yamunyegeje naho atakiroho.
Yamuremye Leocadie akavuga ko hatica ubwoko ahubwo hica intwaro mbi, kuko aba basirikare bakoze ibara muri Ntega na Marangara batumwe n'intwaro yariho ico gihe.
Yabishikirije mugihe umurwi ujejwe ukuri no kunywanisha abarundi CVR wariko wumviriza intahe z'abasigajwe na buriya bwicanye canke babonye ingebe bukorwa n'ababukoze.
27/08/2026
: Umwimbu w'icayi waragabanutse cane..............................................
Manirakiza Paul aserukira abarimyi mu rwego nshingwantwaro rw'ikigo kijejwe guhingura no kurwiza igiterwa c'icayi yavuze ko imiliyoni indwi n'ibihumbi amajana atanu y'ama dollari ya Amerika (7.500.000.$ ) ariyo mahera y'uruhomvye rwibonekeje mumahera yari kw'injira mu burimyi bw'icayi mu Burundi.
Mukiganiro yahaye abanyamakuru kur'uyu wa 27 Myandagaro, yavuze ko umwimbu wakorotse cane, uva Ku matoni ibihumbi cumi na kimwe (11000 T) uja Ku matoni ibihumbi indwi (7,500 T ).
Nsavyimana Roger atwara urunani rw'abarimyi b'icayi CNATHE - Nyamukamirwabose nawe, yamenyesheje ko igiciro c'amahera 500fbu Ku kg c'icayi ari amahera make cane, bikaba bimwe muvyatumye umwimbu ugabanuka. yateye akamo indongozi Ku rwego rw'igihugu kuduza igiciro c'icayi kikaja Ku bihumbi 2000fbu .
Muri ico kiganiro abaserukiye abarimyi b'icayi b'i TORA, MATANA, JENDA, BUHORO, RWEGURA n'ahandi bamenyesheje ko, ubukene bw'ifumbire, ubukene bw'imodoka, ubukene bw'ibitoro, ikena ry'abakozi, urwaruka ruja guca amahera mu mahanga i Dubaï, kenya n'ahandi biri mu vyatumye umwimbu w'igiterwa c'icayi ugabanuka.
Dismas Yaminyibuka yaserukiye abarimyi b'i Tora mu Mugamba yavuze ati :
"Mu mwaka uheze ibiterwa njabukamazi barabidugije ibiciro. lnama nshingamateka igeze Ku giterwa c'icayi bavuze ko bobangira kukiduza ko hari vyinshi vyobanza kwirwa kugira igiciro c'icayi kiduzwe, none vyahereye hehe ? N'uruhombo kuri OTB, n'uruhombo Ku barimyi, n'uruhombo kuri Leta."
Mwomenya ko abarimyi bamwe bamwe batwawe n'agashavu mu myaka irenganye kuko bahembwa amahera make baca barandura icayi bagisubiriza n'ibindi biterwa, ivyatumye hashirwaho amategeko atuma abahevye kurima icayi bakurikiranwa bafatirwa ibihano.
22/08/2026
: Amasoko arasha ntamatohoza akorwa, amashirahamwe y'ubwishingizi nayo aho gushumbusha ababuze, menshi aja mumanza zidahera................................................
Muri ALUCHOTO, bavuga ko bitumvikana ingene ibibanza bikomakomeye bigize ubutunzi bw'igihugu, abantu biyungunganirizamwo bisha harabantu baba batangaje imbere y'igihe ko bigiye kuzosha.
Vianney Ndayisaba umuhuzabikorwa wa akibaza nimba aba bantu ari abapfumu, abavugishwa canke abarozi.
N'inyuma yaho iyi mvugo y'amasoko asha bigaragaye kumbuga 'gurukanabumenyi za bamwe bamwe mubanyepolitike batavuga rumwe na Reta bahunze igihugu.
Ikindi gitangaza uyu aharanira agateka ka muntu ngo n'uko amasoko amaze gusha ari menshi, mugihe dufise inzego z'igendéreza, ariko gushika n'ubu akaba atamatohoza arakorwa ngo tumenye intandaro y'iri turirwa ry'amasoko agize ibutunzi bw'igihugu.
Ikindi kibabaza uyu aharanira agateka ka muntu ngo nuko n'amashirahamwe y'ubwishingizi aho gushumbusha abatakaje ivyabo baca bashiramwo uburyarya aho umuntu asaza aburana akarinda apfa ataronse utwiwe.
Aha Ndayisaba anegura ayo mashirahamwe aho uwatakaje ivyiwe yaratanze ingwati murayo mashirahamwe y'ubwishingizi baca bashima kuja mumasentare, bagaca batanga ibiturire, nyene kubura akazoburaaana gushika aho yitaba Imana atararonka inshumbusho y'ivyiwe. Agasaba ko amategeko agenga aya mashirahamwe yohinduka kuneza y'umunyagohugu.
Aha akanegura kandi umutegetsi yaraye ameyesheje ko umuriro uheruka kwaduka munzu y'idandarizo bita le Parisien wavuye kw'ipasi.
Ahandi naho ati: kuki ayahiye yooose atamatohoza yigera aba ngo tumenye icayaturiye??
Akavunira akagohe abarongoye igihugu ko iyi ari intambara muyindi ije mubundi buryo.
Agasaba inzego z'igihigu, abakozi b'Imana n'abandi, kuja hamwe kugira bige ingene iyi ntambara yohera.
Ati ntidushobora gutera imbere ibibanza bigize ubutunzima bw'igihugu biguma bisha abantu bakinumira.
Ndayisaba akamenyesha ko ni mba bitumwa n'abantu abaribo bose ko bomenya ko arabansi b'igihugu.
Ati ntidushobora gutera imbere ibibanza bigize ubutunzima bw'igihugu biguma bisha abantu bakinumira.
Ndayisaba akamenyesha ko ni mba bitumwa n'abantu abaribo bose ko bomenya ko arabansi b'igihugu.
Ati Dufise amashengero ari mugihugu gutegura ibikorane, babaze Imana itwereke abariko baduturirira amasoko, ati kuko n'ibindi bahora batubwira ko bavuerekwa.
20/08/2026
: Imanza z'amatati y'amatongo ajanye n'urwimo rw'1993 zatanguye kuja mungiro..............................................
Umuryango wa Bashize Léonidas, waruserukiwe na Bashize M***a wakomorewe Parcelle yubatsemwo akabare, aho bita kuri "BAR CHEZ KABETERO".
Iyi Parcelle yari yanyazwe n'umuntu, aca ayigurisha n'umushingantahe wa Nduwimana Swavis wari wari waserukiwe na Shakaje Violet.
Iyi Parcelle ikaba yari yanyanzwe mumwaka w'1997, aho uwo nyene kuyinyaga yaciye ayigurisha n'umshingantahe wa Nduwimana
atampapuro afise nk'uko vyashikirijwe n'umusigwa wa Bashize Leonidas Cimpaye Jalala.
Uyu musigwa amaze kuburana, akamenya ko uru rupangu arurwanyazwe, yaciye yigira inama yo guhereza impfunguruzo zurupanguatagahato Bashize M***a baburana nk'uko vyashikirijwe nuwari yaserukiye CVR Patiri Pascal Niyonkuru.
Kur'uyu wa 21 Myandagaro, ibikorwa nk'ibi vyabandarije i Bugendana, aho umukuru w'umutumba Mugitega Ndikumana Joseph yahebujwe kw'itongo yapfa na Barakana Timothée. Nayo uyu mutama Barakana, akaba yakomorewe iryo Tongo riri kumutimba Mugitega Mugitega, Zone Bugendana Mmri komine Ya Bugendana.
Category
Contact the business
Telephone
Website
Address
Ngagara