Burunga GF

Burunga GF

Share

Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Burunga GF, Actor, Bujumbura, Makamba.

10/08/2026

⚠️Iran nta kibazo ibona muri Accords de la Mecque

Mu ndwi iheze,Turquie, Arabie saoudite na Pakistan basinye amasezerano yo gutabarana batewe. Muri ibi bihe vy’ intambara yo mu buseruko bwo hagati, vyaciye biboneka ko umengo kwoba ari ugushaka kugwaniriza hamwe Iran

Yamara nk'uko twabivuze ibihugu vy’abarabu ntivyankana Iran. Ariko kubera politique ya karyanishamiryango ya USA bisanze babangamira Iran. Nivyo Iran y’aba Chiites hari ivyo ipfa na Arabie Saoudite y’aba sunnites ariko bahora bavyimarira. Turquie na Pakistan bibanye neza na Iran. Gusa bishobora kugwa mu mutego bivuye ku gihugu co hanze( Amerika)

Imbere y’uko amasezerano ya Maka aba, Iran yari yavuganye n’ibihugu vyo mu karere harimwo ivyasinye amasezerano yo gutabarana. Mu vyo bavuganye harimwo ivyo gukomeza ubucuti basanganywe, ubucuti bukomezwa n’ukwemera kwa Islam,...

Muri Iran bavuga y’uko arya masezerano atabateye ubwoba kuko vyerekana ko ibihugu biriko biratahura ububeshi bwa USA. Ntibicizera umutekano wavyo, ni co gituma bica bija hamwe bikingira. Arabie Saoudite izozana ubutunzi, Turquie izane igisirikare kigezweho nayo Pakistan irengukane ubuhinga na nukleyeri ya gisirikare

Burunga GF

Photos from Burunga GF's post 09/08/2026

💔😭 #𝗔𝗕𝗔𝗦𝗜𝗥𝗜𝗞𝗔𝗥𝗘 𝗻𝗮 #𝗣𝗢𝗟𝗜𝗖𝗘 𝗻𝗶𝗯𝗼 𝗯𝗮𝘁𝗮𝗯𝗮𝘆𝗲 #𝗔𝗕𝗔𝗗𝗔𝗦𝗜𝗚𝗔𝗡𝗔 ( 𝗨𝗣𝗥𝗢𝗡𝗔) 𝗯𝗮𝗿𝗶 𝗯𝗮𝗺𝗮𝗿𝗮𝗻𝘆𝗲 😲🙆
One Love Media

Kumunsi wejo KWISABATO niho umugwmbwe w'abadasigana "UPRONA" wari ufise ikoraniro kaminuza ryo gukura abarongozi bamwe no gutora uwuzobaserukira mumatora ya 2027

Uwahora atwara uwo mugambwe niwe yatanguye aravuga ivyo yakoze kuko yari agiye gushikiriza ahejeje kuvuga, icegera c'umukuru w'ugihugu ( asanzwe nawe ari umu UPRONA) afata ijambo bugingo ariko aravuga bamwe batangura bavuga ko ayomatora adaciye mumategeko

Aho rero niho akajagari katanguriye nikwo guca bahamagara abajejwe umutekano kugira batware abo bariko BARASIGANA kandi ari ABADASIGANA 🫣🙆

Kugeza ubu uwuzokwitoza mumatora bahavuye bamutora ni agiye guhiganwa mumatora

09/08/2026

🔴🇮🇷 IRAN:Ikigo c’amakuru ca Iran Mehr News Agency cashize ahabona amasanamu atariko itariki, yerekana Mojtaba Khamenei, Umuyobozi w’Ikirenga wa Iran, ariko aratanga inyigisho canke inyigisho z’idini.

💥Ayo masanamu yasohotse ku wa 8 Myandagaro 2026, ariko Mehr ntiyavuze igihe canke ahantu yafatiwe.Igihe ayo masanamu asohotse, hariko haravugwa amakuru menshi yerekeye amagara n’aho Mojtaba Khamenei ari.

🟣Gutyo, isohoka ry’aya masanamu rishobora gufatwa nk’intumbero yo kwerekana ko akiriho kandi ariko arakora ibikorwa vyiwe. Ariko kuba ari amasanamu atagira itariki n’aho yafatiwe, ntibishobora gutanga icemezo c’igihe yafatiwe.

Burunga GF

Photos from Burunga GF's post 07/08/2026

Batwiganye🤣😂😂

Yite Abidjan, Cote d'Ivoire 🇨🇮 aha nimugihe bariko bahimbaza imyaka 66 iheze bikukiye uku niko bimuritse kuri défilé😁

Ubabona gute?

07/08/2026

🔴⚫️ Ibitigiri vy'abacangero biciwe muri Koursk

Intambara ya ukraine yagwanyemwo abacangero benshi ku mpande zose. Muribuka ko abamenyekanye cane ari Wagner ku ruhande rw'uburusiya

Ni vyiza ko dusigura amazina abanyamahanga bari muri iyi ntambara bitwa.

Ku ruhande rwa Ukraine benshi ni abacangero ni kuvuga abantu bashoboye kugwana bagiye guca amahera atawubarungitse. Hari imigwi y'abacangero isanzwe izwi yagiye kugwana. Abo bose batumweko na Kiev kenshi biciye kuri Internet. Hari abavyisabira ca gihe mu buraya hari indirimbo yavuga ngo:" Ukraine igiye kwigaranzura Uburusiya, Poutine ahabwe icigwa ca gisirikare". Ivyo bumva mu binyamakuru si vyo basanze ku mirongo y'urugamba.

Mwibuke ko benshi muri ba mudahusha isi itunze ( si benshi cane) bari muri Ukraine ariko benshi cane binjiye muri Koursk

Hari uwundi mugwi w'abakorerabushake barungitswe n'ibihugu ari navyo bibamenya ariko kandi hari n'abakunzi ba Ukraine bagiye kugwana kubera ko igihugu cari catewe n' "umugesera" yitwa Poutine

Umuce wa nyuma ugizwe n'abahinga bo muri OTAN. Ni abahanuzi mu vya gisirikare hamwe n'abigisha, aba techniciens bahembwa na OTAN mu gacerere kenshi

Ku ruhande rw'uburusiya, abanyamahanga benshi bariko baragwana ni abakorerabushake bari basanzwe bari mu burusiya canke mu bice bivuga ikirusiya. Koreya ya ruguru nayo nyene yararungitse abasirikare. Hariho abishwe na Ukraine abandi bariyica hako bafatwa mpiri
Uru ni urutonde rw’abacangero biciwe muri koursk. Dushirako igihugu bakomokamwo, igitigiri c’abapfuye n’abasigaye. Ibiharuro vyatanzwe n’ikigo Statistica, ushobora kucizera kuko gisanzwe gikora ibiharuro mu mice itandukanye y’ubuzima. Ni ico mu burengero

🇵🇱 Pologne: 1.497 kuri 2.960
🇬🇪 Géorgie: 561 kuri 1.042
🇺🇸 États-Unis: 491 kuri 1.113
🇨🇦 Canada: 422 kuri 1.005
🇬🇧 Royaume-Uni: 360 kuri 822
🇷🇴 Roumanie: 349 kuri 784
🇩🇪 Allemagne: 88 kuri 235
🇭🇷 Croatie: 152 kuri 335
🇨🇴 Colombie: 217 kuri 430
🇧🇷 Brésil: 136 kuri 268
🇳🇬 Nigeria: 47 kuri 97
🇦🇺 Australie: 25 kuri 60

Urugamba rwa Koursk ni rwo rugamba rwagiyemwo abacangero benshi cane. Ibitigiri vy'abamudahusha bari kwisi bari muri Koursk. Ico wokundira abantu nkabo, utabiciye aho bakoraniye, biragoye kubicira ku rugamba kuko bazi gukinjura no gutaha bitarakomera

Abatishwe bagafatwa baramaze gucirwa imanze n’ama sentare yo mu burusiya

07/08/2026

🇷🇺🇺🇦Imisi 40 Ukraine itanga icigwa ku burusiya, yungutse iki ?

Ku wa 26 Mukakaro, Voledymr Zelensky , umukuru w’igihugu yarangije ikiringo ciwe yasimbiye mu binyamakuru amenyesha ko Ukraine, igihugu arongoye kigiye gukora ibitero imbere mu burusiya, ibitero vyari guhatira Poutine kwemera guhagarika intambara.

Erega vya bitero vyarabaye. Kuva ico gihe nta karere na kamwe ku burusiya kari mu gahengwe. Moscou, Toula, Belgorod, Koursk, Leningrad n’ahandi henshi hayagwa drones za Ukraine. Vyageze mbere aho muri white house Trump abwira Zelensky ko yokwitegura kuja i Moscou, uwundi ati:" Hariyo drones nyinshi za Ukraine "

Nk’aho ivyo bidakwiye Ukraine iriko ikora ibitero mu ntara zine ziheruka kwomekwa ku burusiya. Wildberries, amashami yayo aguma araswa. Hari abantu batumwe na Ukraine ngo baturitse ibibanza bitandukanye baguma bafatwa na FSB ( urwego rw’ubutasi imbere mu burusiya). Mwibuke ko Ukraine yatanguye irasa ku bwato bw’Uburusiya n’ubw’ibindi bihugu

Igitangaje muri ivyo vyose ni uko Ukraine itumbereza mu ba civiles, abantu bari ku mucanga kuruhuka, abantu bari modoka biyunguruje, abantu bariko baradandaza. Mu ndwi iheze yishe umusirikare umwe ariko yica aba civiles 49, abashika 300 barakomeretse, imodoka zunguruza abantu 34 zararashwe.

Ibi bitero Ukraine ishigikiwemwo na OTAN cane cane UK vyaje kugira ngo aba civiles bamaze kubona intambara yimukiye mu burusiya bace bamanuka mu barabara, bakureho ubutegetsi canke bahatire Uburusiya kuja mu biganiro biri mu nyungu za Ukraine na OTAN. Iri hangiro riri kure nk’ukwezi kuko abaganga bari mu buruhuko, abasirikare bahoze ku rugamba, n’abandi banyagihugu uguma ubabona bariko baritangira igihugu ahantu hose haba habaye igitero

Ku ruhandi rw’Uburusiya, inyishu ntiyatevye. Ico mwomenya ni uko ata ndwi ihera Uburusiya budafashe ikigwati canke igisagara. Muri izi ndwi zibiri za nyuma, uburusiya bwarabujije Ukraine urudandazwa ruciye mu mazi kubera ibitero ku bivuko vyiyongereye cane. Umushikiranganji w’uburimyi n’amasoko ntanganguvu yavuze y’uko ubu ata rudandazwa ruciye muri Danube na Odessa rushoboka, Uburusiya bwarononye ibikorwa remezo vyaho

Hambavu y’ibivuko, Uburusiya buriko busambura ububiko bw’ibigwanisho i Kiev n’ahandi bikorerwa. Hari amahinguriro mvamakungu yamaze kugenda kubera ibitero vya missiles vy’uburusiya

Muri Ukraine bipfuza ko ibitero bibandanije vyotuma urushana rushika uburusiya bwaremeye guhagarika intambara. Bitabaye uko, bafise ubwoba kuko mu mwaka uheze Moscou yasambuye 80% vy’umuyagankuba, uyu mwaka bafise ko hazokurikora gaz n’amazi

Muri rusangi, imisi 40 ntiyagenze neza kuri Ukraine ́ ico yash*tseko no gutanguza ibitero vya drones vyagutse no kwica aba civiles. Uko Ukraine izoguma ishaka gutsinda intambara biciye mu muheto niko Moscou izokoresha inguvu zitari bwigere zikora gushika OTAN yemeye kwinjira mu ntambara canke ihevye Ukraine, ikayamanika

Mugire umusi mwiza

Fyonda suivre kurururubuga ubandanye ubona nayandimakuru mashasha ajanye nivyizintambara

07/08/2026

Ubuyanyamabanga bukuru bw’umutekano w’igihugu bwaratumenyesheje ko twinjiriwe n’abarusiya

Igihe nari umushikiranganji wa mbere, mu matora yo muri UE, naratahuye y’uko Moscou yinjirira bamwe mu bitoje ariko kandi igafasha abandi cane cane Rassemblement National

Nico gituma niteguye ko ubutegetsi bw’i Moscou buzobandanya bwinjirira abakandida nkanje mu gushigikira Marine Le Pen kubera ko Rassemblement National yamye ishigikiye Uburusiya no ku kibazo ca Ukraine nyene

🗣️Gabriel Attal, candidat( Renaissance) aux présidentielles de 2027

07/08/2026

🚀🛬✈️Bivugwa ko🇺🇸🇮🇱🇮🇷 Ingabo za Amerika zirwanira mu kirere (US Air Force) zatanguye gukura indege zazo zitwara imizigo ku Kibuga c'Indege ca Ben Gurion.

🛩️Nk'uko bivugwa izo ndege ziriko zikurwa ku Kibuga c'Indege ca Ben Gurion mu gihe hari umuvuduko wo gukomeza ibikorwa vy'indege zitwara abasivile kugira ntibihagarare.

🟣Iyo ngingo ibaye mu gihe amakenga ku mutekano mu karere akibandanya kwiyongera hagati ya Isirayeli na Iran.

fyonda suivre kurururubuga ubandanye ubona nayandimakuru mashasha ajanye nivyizintambara
TopFans

07/08/2026

🔴Amakuru ariko arakwiragira ku mbuga ngurukanabumenyi avuga ko Irani iriko irategura umugambi w'itegeko wotuma amato yose y'Amerika n'ayafitaniye isano na Isirayeli abuzwa guca mu nzira y'amazi ya Détroit d'Ormuz.

Nk'uko ayo makuru abivuga, Leta Zunze Ubumwe za Amerika zivuga ko iyo nzira ari iy'amakungu kandi ko ubwigenge bwo kuyicamwo bukwiye kwubahirizwa.
Ayo makuru kandi avuga ko Irani yishuye ibaza nimba na yo yemererwa gukoresha ubwo bwigenge bwo kugendagenda hafi y'inkengera za Amerika.
Uwo mugambi w'itegeko uvugwa utegekanya ko amato y'Amerika, aya Isirayeli, hamwe n'ayatwaye imizigo ifitaniye isano na Isirayeli yoshobora kubuzwa burundu guca muri Détroit d'Ormuz

Basomyi mwibaza ko Leta Zunze Ubumwe za America na Israël bazokwemera Kwakwa Uburenganzira bwo guca mu muyoboro wa Hormuz ?

fyonda suivre kurururubuga ubandanye ubona nayandimakuru mashasha ajanye nivyizintambara

Attention : Ifoto yakoreshejwe ni iyo gusobanura inkuru gusa

05/08/2026

🇺🇸🇮🇷Amasaha Trump yahaye Iran yaheze

Yari amasaha ari munsi ya 24, bitabaye uko, Iran igaca ikubitwa ubitikakaza

Ubu uko ibintu bimeze Trump yemeza ko ibiganiro biriko bigenda neza, ko Hormuz igiye kwugurura, ibiganiro bijanye na nukleyeri bigeze kure. Mbere uno musi Washington yafuse bimwe mu bihano yari yarafatiye Iran. Ejo turashobora kwumva impande zose zasinye amasezerano mashasha

Ku rundi ruhande, Iran imenyesha ko ibiganiro irimwo ari ibiriko biyihuza na Oman gusa ku bijanye Hormuz. Amerika ntiri muri ivyo bintu

Burunga GF

Category

Telephone

Website

Address


Bujumbura
Makamba

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Burunga GF posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Subscribe

We will notify you when anything happens in Makamba.