HashTag Mag

HashTag Mag

Share

Magazine

08/25/2026

Isoko ya kinindo nayo irahiye
Turihanganishije abariko baburira ivyabo mumasoko

Photos from HashTag Mag's post 07/09/2026

Isoko yingozi iriko irasha
Nimigihe natumye ko nakizimyamoto hakaza imwe ariko umuriro ukaba wanse kuzima
Turarohejeje Abo ivyabo biriko bihirayo

Hashtag mag
A la une

Photos from HashTag Mag's post 07/04/2026

Jonasi Gomora wo muwireresi The Polygamist: Uwo mukinyi yashikirije kubijanye nubuzima bwiwe no ku butumwa bwireresi
Kuva ireresi kurubuga rwa Netflix,
Mu kiganiro yahaye *Sunday Times* yagize ati:
Jonasi aravurwa kundusha Kandi akavuga ko bamuvuga kenshi nkumuntu mubi
Yongeye ati: Ntibikunda kubaho nka Jonasi. *Kubesha abagore benshi, guhisha abana n'imiryango itandukanye, no kubaho mu bwoba bwo gufatwa* - ivyo bimubuza amahoro kandi ntibishoboka kuri we.
Yasavye kandi ko *abantu batomera na Jonasi wo mwireresi.Yavuze ko yishimira ko abantu bakunda akazi kiwe, ariko *ntibakwiye kumwigana*.
Yaciye atanga ubutumwa ko
Hari abantu bibagishije bavuga ko iyoreresi ishigikiye *ubuharike*. Ariko S'dumo na mwanditsi w'igitabu *Sue Nyathi* barabihakanye:
S'dumo*: Yavuze ko Jonasi akoresha ijambo "ubuharike" nkigitinyiro co guhisha ubusambanyi n'ububeshi Ico si co ubuharike nyabwo.
- *Sue Nyathi* Yongeye Ati”
The Polygamist si inkuru ubuharike; ni inkuru ivuga uguca inyuma uwo mwubakanye kwambitswe izina ry'ubuharike."*
Bishatse kuvuga ko iyoreresi igamije kwerekana *ingaruka zabagabo bikunda,ububeshi, n'uguhisha imiryango* - atari ukubishigikira.
Yongeye avuga icatumye iyoreresi ivurwa cane kwari ukuberako
Yatumye haba ibiganiro vyinshi muri Afrika ku ngingo nka:
*ubugabo bubi, ububeshi mu ngo, indwara zandurira mu mibonano, ingaruka ku bana, n'akaga ko kubesha mu muryango.
Ni co gituma benshi bavuga ko *The Polygamist atari ireresi y'imyidagaduro gusa, ahubwo ni inyigisho ituma abantu biyumvira.
Musomyi Jonasi ni intwari canke ni akarorero kabi?

07/03/2026

.

Gukora gukora imibonano mpuzabitsina kenshi vyoba arı ikibazo ?

Gukora imibonano mpuzabitsina kenshi si ngombwa ko biba bibi ku magara. Iyo ikozwe ku bwumvikane bw’ababikora, bubahana kandi bakoresha uburyo bwo kwikingira igihe bikenewe, ishobora no kugira akamaro ku magara.

Mu vyiza bishobora kuvamwo harimwo kugabanuka kw’umwitwarariko n’agahinda, kunezerwa kurushiriza, gusinzira neza hamwe no gukomeza urukundo n’ukwizigiranira hagati y’abubakanye canke abakundana.

Ariko rero, gukora imibonano mpuzabitsina birenze urugero na vyo birashobora kugira ingaruka zitari nziza. Bishobora gutuma umuntu ananirwa, akagira ububabare canke uburibwe ku bihimba vy’irondoka, cane cane iyo umubiri utaronka umwanya ukwiye wo kuruhuka. Iyo kandi abantu batikingiye, bishobora kwongera ingorane zo kwandura indwara zandurira mu mibonano mpuzabitsina (IST) canke gutwara inda idateguwe.

Abahinga mu vy’amagara y’abantu bavuga ko ata rugero rwemewe rw’imibonano mpuzabitsina umuntu akwiye gukora. Ico bashira imbere ni uko abo bireba bose baba babishaka, ko biborohera kandi ko bitagira ingaruka mbi ku magara yabo canke ku buzima bwabo bwa misi yose.

Mu gihe umuntu agira ububabare budahera, kuva amaraso bidasanzwe canke ibimenyetso vy’indwara, ni vyiza kwihutira kwitura umuganga canke uwundi muhinga mu vy’amagara y’abantu.

👉 Igihambaye si umubare w’imibonano mpuzabitsina umuntu akora, ahubwo ni ukwubahana, kuganira hagati y’ababikora no kwikingira.

Photos from HashTag Mag's post 07/03/2026

# # 🇧🇷 Ababikira bo muri Brésil bavugishije benshi inyuma yo kwerekana umunezero batewe n'intsinzi y'igihugu cabo

ababikira bo muri Monastère Santa Maria dos Anjos, iri mu gisagara ca Dourados muri Brésil, babaye ikimenyabose ku mbuga ngurukanabumenyi inyuma yo kwerekana umunezero udasanzwe batewe n'intsinzi y'igihugu cabo mu Gikombe c'Isi c'umupira w'amaguru 2026.

Mu rukino rwa kimwe ca cumi na gatandatu (1/16), Brésil yatsinze Ubuyapani ibitsindo 2 kuri 1. Igihe umukinyi Gabriel Martinelli yatsinda igitsindo c'intsinzi mu minota ya nyuma y'urukino, abo babikira barasimbaguritse , barahoberana, bazunguza amabendera ya Brésil kandi bavuga amajambo y'akamwemwe nk'uko vyagenze ku bandi bafana. Amashusho yabo yaciye akwiragira cane ku mbuga ngurukanabumenyi, akora ku mitima y'abantu benshi.

Umukuru w'iyo monastère, Madre Maria Rafaela da Rainha Imaculada, yavuze ko naho ubuzima bwabo bushingiye ku gusenga no kwihebera Imana, bakunda gukurikirana Igikombe c'Isi kuko ari umuco basangiye kuva bakiri bato. Yongeyeko ko umunezero n'ugutwenga na vyo ari igice c'ubuzima bwa gikristu.

Amashusho yabo yakiriwe neza cane n'abanya-Brésil n'abakunzi b'umupira kw'isi yose. Benshi bavuze ko "amasengesho y'ababikira" yafashije Brésil gutsinda, mu gihe abandi babashimiye kubona berekanye ko ukwemera, ugusenga n'umunezero bishobora kubana neza.

07/03/2026

🇧🇫 Muri Burkina Faso kirazira kwerekana amasusho y'abo wafashije bafise ivyo wabahaye ❌

👉🏿 Biri mw'itegeko ry'umukuru w'igihugu Capitaine Ibrahim Traoré ryemejwe n'inama nshikiranganji yo kuri uwu wa 2 Mukakaro 2026.

Photos from HashTag Mag's post 07/03/2026

# # 🇺🇸 Bambikaniye impeta ku mutwe w'inyubakwa ya Empire State Building, baca barafatwa n'abapolisi!

Abakundana babiri bo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Angela Nikolau na Ivan Kuznetsov, azwi kandi nka Ivan Beerkus, bariko bavugisha abantu benshi inyuma yo kwambikana impeta ku mutwe w'inyubakwa ya Empire State Building iri mu gisagara ca New York.

Abo bose basanzwe bazwi mu bikorwa vyo kuduga inyubakwa ndende cane ata bikoresho bibakingira (rooftopping). Bavuze ko ico gikorwa cari kigamije gutanga ubutumwa bw'urukundo n'amahoro. Ariko rero, bamaze kugikora, barafashwe n'abapolisi bagirizwa kwinjira ahantu babujijwe no gushira ubuzima bwabo n'ubw'abandi mu bibazo

Abahinga mu vy'inyifato z'abantu bavuga ko hari abantu bakunda gukora ibikorwa biteye ubwoba kugira bumve akanyamuneza kadasanzwe canke bikwege amaso y'abandi. Ivyo mu bumenyi bwa siyansi vyitwa sensation seeking, kandi ubwavyo si indwara.

Ariko iyo uwo muntu adashobora kwigenzura,akama asubiramwo ibikorwa bishira ubuzima mu bibazo kandi bikamwononera ubuzima, akazi canke imigenderanire n'abandi, ni ho abahinga bashobora kubona ko hari ikindi kibazo co mu mutwe gikwiye gusuzumwa.

Ni co gituma abahinga bagabisha abantu kutabona ibikorwa nk'ivyo nk'ikimenyetso c'urukundo nyakuri. Urukundo ntirusaba gushira ubuzima mu kaga kugira rwerekanwe.

💬 Wowe ubibona gute?
Mbega ivyo bakoze ni ikimenyetso c'urukundo rw'ukuri, ni ugushaka kwamamara ku mbuga ngurukanabumenyi, canke ni ugufata ingingo zishira ubuzima mu bibazo ? Tanga iciyumviro cawe.

06/30/2026

À tous les Burundais et à toutes les Burundaises, où que vous soyez à travers le monde, nous vous souhaitons une très heureuse fête de l’Indépendance. Vive le Burundi ! 🇧🇮

06/29/2026

Sobanukirwa ino ndwara Abantu benshi bagendana kandi bakayirengagiza kugeza naho abatari bake ibatwara ubuzima

06/28/2026

Abantu benshi iyo baronse amahera bagira inyifato zitandukanye...hari abanezerwa,abarira,abadasubira kurya ,...sobanukirwa inyifato yawe iyurose amahera

Want your public figure to be the top-listed Public Figure in Chicago?
Click here to claim your Sponsored Listing.

Category

Address


Chicago, IL

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when HashTag Mag posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Subscribe

We will notify you when anything happens in Chicago.